Iciyumviro co gushinga radio iyoborwa n'Ishengero ry'Abadivantisiti b'Umusi w'Indwi kugira ngo ifashe mu nyigisho rusangi, mu gutangaza Ubutumwa Bwiza no mu kumenyekanisha ubutumwa bw'abamarayika batatu, catanguye mu mwaka wa 2001.
Ico ciyumviro cashikirijwe na mwene Data Max Church yakorera ADRA/Burundi. Cakiriwe neza n'Ubumwe bw'Amashengero y'Abadivantisiti mu Burundi. Mu nyuma cararushirijwe kunagwa kiyobowe n'Umuyobozi w'ishami ry'itumanaho, yatanguye imigenderanire na Radio Mondiale Adventiste (AWR), afashijwe na Max Church.
Haciye hashikirizwa ubusabe bw'umurongo w'amasamaza ku rwego rw'ARCT, mw'izina ry'ishirahamwe ryiswe 'Association Radio AGAKIZA' (ARA), ryari rishinzwe n'abanywanyi 11 b'intango.
Inyuma y'uruhusha rwa Leta rwo ku wa 4 Ruheshi 2006 no kuronka umurongo w'amasamaza, hatanguye igikorwa co gukoraniriza uburyo mu mashengero yose y'Abadivantisiti mu Burundi, cane cane kiyobowe n'ishami ry'itumanaho.
Mu bikorwa vy'ugutegura, habaye inyigisho zatanzwe n'ishami rya Global Training ryo muri Adventist World Radio, zitabiriwe n'abahinguzi n'abashikiriza ibiganiro 30, kuva ku wa 10 gushika ku wa 15 Ruhuhuma 2007. Izo nyigisho zatanzwe na Ray Allen hamwe na Samuel MISIANI, bari indongozi muri AWR.
Mu mwaka wa 2007, ku bufasha bw'umuhinga mu vy'ivyuma Kurt Rorberts wa AWR ikorera muri Afrika y'Epfo, Radio AGAKIZA yatanguye gusamirana iyobowe na Pasitori Samuel NDIKUMANA, ari we muyobozi wa mbere.
Kuva ico gihe, Radio AGAKIZA yarakiriwe neza cane kubera ibiganiro n'indirimbo vyayo. Yarashitse ku bantu benshi mu Burundi no mu micungararo y'igihugu, harimwo Uvira muri RDC na Bugarama mu Rwanda.
Mu ntango yasamirana amasaha 6 ku musi, ariko ubu isamirana amasaha 24 kuri 24, kandi ishikira ibice birenga 70% vy'igihugu.